UBM News ads

PARCEM ryemeza ko mu Burundi hakiri ingorane zo gushira mu ngiro ingingo ziba zafashwe.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe PARCEM ryiyemeje gukangurira abarundi ngo bahindure ingendo rivuga ko mu Burundi bigaragara ko  hakiri ingorane zijanye no kudashira  mu ngiro ingingo ziba zafashwe. Faustin Ndikumana abivuga aravye ukuntu ingingo ziheruka gufatwa na Leta  zo kurwanya no kwikingira ikiza ca Covid-19 haguma haba ugukwega amaguru mw-ishirwa mu ngiro izo ngingo. Kubwa Faustin Ndikumana, kucerekeye iyubahirizwa ry-ingingo zijanye no kurwanya ico kiza , asaba ko haba ukuva mu majambo maze habe ishirwa mu ngiro ry-ibiba vyafunditswe, kuko guhimiriza bitazotuma ingingo zo kwikingira ico kiza zikwirikizwa na bose.IWACU English News | The voices of Burundi – Faustin Ndikumana

ˮ …Uriko uraraba abantu ubu mu ma manza baguma barwana mu nda, baramukanya, na ya mazi yo gukaraba henshi nta kiriho. Mu bisanzwe, ikibazo si ica covid-19 gusa, uravye ingene mu Burundi ingingo zifatwa n-ingene zishirwa mu ngiro n-ingene zubahirizwa , mu Burundi haracari agahaze‟ Niko Faustin Ndikumana avuga.

Uwo arongoye PARCEM abona ko hakwiye inyigisho zotangwa ku barongozi no kubatwarwa kugira ingingo canke itegeko ryubahirizwe ku buryo buboneka, ngo ataruko  impinga iraboneka ko ikiri ndende kugira igihugu gishike kw-iterambere nyaryo.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments