UBM News ads

Makamba-Kibago: Abajejwe umutekano bongerejwe inyuma yaho hibonekereje imirwi y-abitwaje ibirwanisho.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kuva mu ntango zo mw-iyindwi turimwo , niho  havurwa amakuru ajanye n-imirwi y-abitwaje ibirwanisho  yinjiriye muri komine Kibago ivuye mu gihugu ca Tanzaniya. Abanyagihugu babonye abo bitwaje ibirwanisho  bemeza ko wari  umurwi munini ko kandi wari witwaje ibirwanisho bikomakomeye. Kuva ayo makuru agiriye ahabona, Abajejwe umutekano bagizwe n-abasirikare, abapolisi hamwe n-igendereza baza bamaze batangura kujanwa mw-iyo komine kugira bahangane n-iyo mirwi yinjiriye mw-iyo komine.Burundi Rebel Group Claims Attacks in New Offensive | Voice of America -  English

Nk-uko vyemezwa n-abanyagihugu bo mw-iyo komine ihana urubibe n-igihugu ca Tanzaniya, Abasirikare batari bake baza bamaze gucumbikira ahitwa ku Nkiko hasanzwe hahana urubibe n-igihugu ca Tanzaniya. Ayandi makuru ava mu bajejwe intwaro bo mw-iyo komine yemezako abanyagihugu bagera kuri cumi barikorejwe imizigo n-iyo mirwi y-abarwanyi munyuma  babarekuye bategetswe kudatanga amakuru ajanye nabo kuko bashobora kubizira umwanya n-umwanya mu kwicwa. Iyo mirwi y-abitwaje ibirwanisho ikaba yinjiriye ku ruzi malagarazi rugabura uburundi n-igihugu ca Tanzaniya neza na neza ku cambu citwa kwa Kavamahanga.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments