UBM News ads

Ikigo OBR kiratanga umuco ku mudandaza yishuzwa ikori rirenga imiriyaridi 52 z-amarundi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma yaho hasohokeye itangazo ry-ikigo OBR kijejwe gutoza amakori n-amatagisi  rimenyesha umurundikazi yitwa Nitereka Charlotte ko yo kwihutira kuriha amakori aheranye angana 52.683.428.783 FBU atarafatirwa ubutunzi bwiwe,  Ikigo OBR kibicishije k-umuvugizi waco Stany Ngendakumana amenyesha ko  idosiye y-umudandaza Nitereka Charlotte yatanguye mu mwaka w-2012 aho yagirizwa kugira urudandazwa rwa magendo , nikwo  guca  asabwa kuriha imiriyaridi umunani z-amafaranga y-amarundi  mu nyuma aca ahitamwo guhindura I numero za terefone yongera ahindura aho akorera.Ubutumwa bwa OBR ku batangakori ni "guhimiriza gutanga amakori baterere  mw'iterambere ry'igihugu" - YouTube

Mw-iryo tangazo ryasomwe kuri uyu wa 9 Myandagaro 2021 , Umuvugizi w-ikigo OBR yemeje ko amatangazo amaze imisi ariko atembera ku mbuga ngurukanabumenyi zikoreshwa n-ico kigo ca Leta gitoza amakori n-amatagisi ari ay-ukuri ko kandi n-abandi badandaza basabwa kuriha amakori bitarinze kuja ahabona nk-uko  biriko bishikirwa kuri bamwe mu badandaza.

Kucerekeye ico umudandaza Charlotte Nitereka  yakora cotuma yishuzwa ikori ringana kurya, Umuvugizi w-ikigo OBR ntamenyesha ivyo uwo mupfasoni asanzwe adandaza. Gusa naho atawoca avyemeza mw-aka kanya, biravurwa ko Charlotte Nitegeka yakora urudandazwa rw-ubutare akabushora hanze y-igihugu afashijwe na bamwe mu bihangange biri muri Leta y-uburundi.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments