UBM News ads UBM News ads
Thursday, June 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Parcem irasaba Leta y’uburundi kubahiriza ibisabwa na FMI kugira ubutunzi bw’igihugu bwiyongere

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe Parcem rihamagarira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama risaba Leta y’uburundi kubahiriza ibisabwa n’ikigega mpuzamakungu “FMI”kugira uburundi butere imbere . PARCEM igahanura Leta guha uburenganzira abadandaza bakidegemvya kugira bashobore kwinjiza amafaranga y’agaciro no kwitaho ivyotuma abarwizatunga bazana imitahe mugihugu.ivyo Parcem ibishikirije inyuma yaho ikigega c’isi “FMI” isohoreye icegeranyo c’urugendo abahinga bayo bakoze mu Burundi .

Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem agira ati:« turavye neza ivyerekeye ubutunzi bw ‘uburundi uko vyifashe ntakirahindika,amafaranga y ‘agaciro aracari make mukigega ca Leta,abahinga ba FMI bavuga ko arenga imiriyoni 96 z’amadorare ayo akaba ashobora gukoreshwa mu kugura ibintu hanze y ‘igihugu mu kiringo kitarenze imisi 24 gusa.abo bahinga baratanga imvo zatumye nayo make aboneka. gushika mu mpera y’umwaka uheze wa 2023 havurwamwo ingingo zafashwe zo korohereza abikorera utwabo, kurungika amafaranga hanze y ‘igihugu,inzahabu ,igice c’ingurane ikigega FMI giheruka guha uburundi hamwe n’imfashanyo n’abandi bafasha uburundi. abo bahinga bakavuga ko kutagira amafaranga y ‘agaciro akwiye mu kigegga bituma abagomba gufasha uburundi batabugirira icizere».

Abo bahinga baravuga ko ubutunzi buzokwisununura muri uyu mwaka wa 2024 gushika k’urugero rwa 4% bitumwe n ‘umwimbu munini uzoboneka mu burimyi,imitahe izotanga umusaruro hamwe n’ amategeko ariko arahinyanyurwa.ikigega FMI kimenyesha ko cishinze gushigikira gufasha abategetsi b’uburundi mu twigoro twabo dufise intumbero yo gukwiza ibisabwa kugira igihugu kize kirahabwa imfashanyo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments