UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Leta ya Congo iriyamiriza imyiyerekano irimwo ubugizi bwa nabi yaraye ikozwe I Kinshasa

Leta ya Congo ibicishije ku mushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Peter Kazadi iratera ivyatsi abaraye bakoze imyiyerekano irimwo ubugizi bwa nabi bwo guturira imiduga cane cane iy’abakozi ba Monusco.iyo myiyerekano ikaba yatumbereye cane ahasanzwe haba abaserukira ibihugu vya Amerika,ubumwe bwa burayi, Espagne n’ahasanzwe hakorera abakozi ba Monusco. Ivyo bikaba vyabaye ejo ku musi wa gatandatu i Kinshasa.

Abakoze iyo myiyerekano ejo baranzwe n’ishavu ryinshi aho bavuga ko umuhari M23 ufashwa n’u Rwanda uriko ukora ibitero bikomeye werekeza Goma kandi abaserukira Amerika n’ubumwe bwa Burayi ataco bari gufasha.bakagirizwa ko bashigikiye uwo Muhari M23.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yagize ati:«Turazi ko abanyagihugu bababaye bivanye nivyo turiko turacamwo mu gihugu ariko uburyo abari mu myiyerekano babikozemwo bahonyanze amategeko mpuzamakungu y’agateka kazinamuntu.twashaka kwibutsa ko ahari inyubako z’abaserukira ibihugu vyabo ko bibujijwe kubihungabanya.ntitwokwemera ko abanyagihugu bacu bahonyanga amategeko ariko bakore imyiyerekano yubahirije amategeko».

Bintou Keita aserukira ONU muri Congo ariyamiriza ivyo bitero vyaraye bikozwe kuri Monusco akamenyesha yuko bishobora gufatwa nk’ivyaha vyo mu ntambara.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments