UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Parcem irasaba Leta y’uburundi guhungura abahunze igihugu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe Parcem rihamagarira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama rirasaba reta y’uburundi guhungura abarundi bahunze igihugu kugira nabo bashigikire mw’iterambere no mu kwubaka igihugu.N’inyuma yaho kuri uyu wambere igitega habaye ihuriro ry’imboneza mu gihugu rihurikiyemwo abarundi bose mu bisata bitandukanye rikaba ryatunganijwe na Leta y’uburundi.

Faustin Ndikumana arongoye Parcem avugako kabaye akaryo keza ko kuganira kubibazo bihanze igihugu n’icokorwa kugira Leta igere ku mbono 2040-2060.Faustin Ndikumana agira ati:«twaranezerewe kubona Leta yashoboye gutunganya iryo huriro ry’imboneza kugira tuganire kubibazo bihanze igihugu n’uko twotunganya amatora meza gusumba ayabaye yose dufatye kuvyabaye muri 2015,ukwo twogera kw’ihangiro rya 2040-2060.tugasaba Leta y’uburundi ko yoterera kugira abarundi bahunze igihugu nabo bahunguke kugira nabo bafashe mu kwubaka igihugu twese turi hamwe».

Leta y’uburundi iharurwa mu bihugu mu karere bifise abahunze igihugu benshi bivuye ku ndyane zagiye ziba mugihugu zigahitana inzirakarengane nyishi.Mur’iyi misi abarundi bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya bamaze imisi bagabishwa ko uyu mwaka utarahera bazotahukanwa mu Burundi ariko rero Leta ikwiye kubikora kubushake bw’impunzi ntibibe ku ngunvu.

Leta y’uburundi ikwiye guhindura uburyo itunganya amatora akaba amatora adakumira bamwe kandi yizewe kuko hama habaye icuka kibi hagati y’abadasangiye ivyiyumviro vya Politike mu gihugu vyama vyateye imvururu cane cane mu gihe c’amatora canke iyo yegereje bigatuma abarundi batari bake bahunga igihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments