UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta y’uburundi iguma yagiriza urwanda kugira ihume amaso abenegihugu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Charles Mukasi yigeze kurongora umugambwe w’abadasigana Uprona akaba ari umushakashatsi mu vya kahise avuga ko Leta ya Cndd-Fdd iguma yagiriza urwanda mu gufasha umuhari Red Tabara umaze imisi igaba ibitero mu burundi kugira ihume amaso abenegihugu ntibiyumvire ubuzima bubi barimwo bashizemwo na Leta ya Cndd-Fdd. N’inyuma yaho umuhari Red Tabara ukoze igitero kuri uyu w’Imana uheze i Buringa mu ntara ya Bubanza hama Leta y’uburundi ikagiriza u rwanda gushigikira uwo muhari mu guhungabanya umutekano mu Burundi.

Kubwo inkuru dukesha Radio “inzamba agateka kawe”,Charles Mukasi agira ati:«Iyo intwaro ifise ingorane,iyo vyayinaniye gutwara igihugu kenshi barondera indwaro mu gusamaza abanegihugu ngo bitwe ko hari ikintu gikomeye bariko barakora bagatera indwano ahandi bakagira ibintu vy’umudurumbanyo kugirango baronke umwansi.kuronderera umwansi wundi hanze bakiyumvira ngo muriko murwanya umwansi kandi atawuriho.nizo mvo zituma Cndd-Fdd yagiriza urwanda».

Leta y’uburundi iherutse kwagiriza u rwanda ko ruri gufasha umuhari Red Tabara mu guhungabanya umutekano mu Burundi.Leta y’urwanda nayo yagumye ihakana ivyo yagirizwa.ikibabaje muri vyose n’amaraso y’inzira karengane ari guseseka.

Leta y’uburundi irakwiye kurengera inyungu zayo igashira inyungu z’abenegihugu imbere kuko nibo barwa mu mporero ikumviriza abo bavuga ko bafashe ibirwanisho basaba ibiganiro.kuko Kenshi ama Leta yama yemera ibiganiro ari uko inganda zatikiye

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments