Hatabaye impinduka mu buryo uburundi butwawemwo , abanyagihugu ngo bokwitegura ko batazokworoherwa mu buzima buzimvye bukiriko.Ivyo bivugwa n’ishirahamwe PARCEM rifatiye kw’iduzwa ry’ibiciro vy’ivyankenerwa bitandukanye rimaze gukorwa.
Faustin Ndikumana arongoye PARCEM avuga ko vyose biriko bituruka ku ntwaro itabereye yatse indaro mu Burundi igerekako ikinyoma co kuvuga ko uburundi bwikwije ko umwimbu bunafise ari umurengera.
«Ibi bintu vy’iduga vy’ibiciro biriko biza kubera igihugu c’uburundi kivurwa mu ngorane z’ubutunzi zidasanzwe aho abantu bategerezwa kubimenya ndetse na Leta ikavyemanga , ni nk’umwimbu w’ingeso y’ibiturire n’intwaro itabereye muri iki gihugu imisi itari mike . Ubu rero turiko turavyimbura kuko ivyo bintu vy’ibiturire , ivyo bintu vyo gusesagura amatungo y’igihugu, kudatunganya imigambi neza vyatumye gushika ubu uburundi ubu bisa nuko ataco dushorera hanze nk’umwimbu, nta mfashanyo yinjira mu gihugu, nta barwizatunga bazana imitahe muri iki gihugu, …(…) urumva muri kino gihe , haca haba n’ikinyoma cavuga ngo turikwije, uwundi mwanya ngo umwimbu w’ibiribwa wabaye umurengera tugire dushorere hanze, amafaranga y’agaciro make arasesagurwa atacamira atawuhana,…» Niko Faustin Ndikumana avuga.
Faustin Ndikumana rero ahebuza abarundi ko bigoye guhagarika iduga ry’ibiciro mu gihe hatazoba hafashwe ingingo ruhasha zijanye n’ivy’intwaro hagashingwa amabanga n’abantu bashasha b’abahinga muvy’ubutunzi.
Tubamenyeshe ko ibiciro vy’ibidandazwa vyankenerwa bimaze gutangazwa ku mugaragaro ko biduze ni :ibitoro, ukwiyunguruza, isukari, isima ya BUCECO hamwe n’ibinyobwa vya BRARUDI.
Recent Comments