Leta ya sudani y’epfo ibicishije ku bushikiranganji bw’ikigega ca Leta hamwe n’ubushikiranganji bujejwe iyinjira ry’ico gihugu mu muryango wa Afrika y’ubuseruko itangaza ko yaraye irishe ibirarane vy’imiriyoni 7 z’amadorare yariheraniye uwo muryango wa Afrika y’ubuseruko EAC. Juba irishe ivyo birarane inyuma y’indwi zibiri zisigaye ngo irongore uwo muryango hamwe n’uko ico gihugu kirikumwe n’uburundi bimaze kugabishwa n’abashingamateka bo muri Kenya ko bishobora kwakwa ijambo mu bijanye no gufata ingingo zo mw’uwo muryango hamwe bitoriha ibirarane biheraniye EAC.
Nkuko dukesha iy’inkuru iradiyo yo mu gihugu ca sudani y’epfo Eye Radio, Ngo ayo mafaranga ico gihugu kiyarishe mu ntumbero yo gushitsa ivyo ciyemeje mu mategeko agenga ivy’ubutunzi bwo mw’uwo muryango. Eye Radio ivuga ko irihwa ry’ ayo mafaranga angana na miriyoni 7 z’amadorare agizwe n’ibirarane ico gihugu cari giheraniye EAC hamwe n’ayazokora mw’uy’umwaka turimwo, rije kwerekana ukwiyemeza kwa Leta ya sudani y’epfo mu vyo gufasha ineza y’iterambere ry’uwo muryango wa EAC.
Tubamenyeshe ko mu kwezi guheze umurwi w’abashingamateka bo mu gihugu ca Kenya ujejwe ivy’iyinjira rya Kenya mu miryango yo mu karere barasavye ko ibihugu biriha nabi intererano mu muryango wa EAC vyokwakwa uburenganzira bwo gufata ingingo gusumba ibiriha neza. Ikindi basavye n’uko ngo ibihugu vyatanguje EAC vyorihira uburundi na sudani y’epfo ibirarane biheranye.
Abasanzwe bakwirikiranira hagufi ivy’umuryango wa EAC babona ko hamwe ivyo bisabo vy’abo bashingamateka bo muri Kenya vyoshirwa mu ngiro, n’uko ingaruka zoba nyishi bitewe n’uko hari ibihugu biguma vyitanga cane gusumba ibindi mw’uwo muryango, ivyo hava kandi bituma uwo muryango wigaburamwo kubiri.
Recent Comments