UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Papa francisco atangaza ko abasenyeri bo muri Afrika bofatwa ukwabo guhezagira abaryamana basangiye ibitsina

Umwungere wa ekleziya katolika kw’isi papa Francisco arongoye ekleziya katolika kw’isi yatangaje ko abasenyeri bo muri Afrika bofatwa ukwabo kubijanye n’ikibazo co guhezagira abahuza ibitsina babisangiye.abivuga afatiye k’ukugene biyamirije bivuye inyuma ingingo yiwe yo kubahezagira aherutse gufata.

Ikindi, uwo mwungere ngo ntatewe umutima uhagaze n’uko abakigendera mu nzira za kera (conservateurs) bashobora kwitandukanya na ekleziya katolika kubera iyo mpinduka.yemeza ko bikorwa n’akarwi gatoya.

Ivyo bishitse mu gihe Inama nkuru y’abepiskopi katolika bo muri Afrika na Magadascar«Symposium des conférences Episcopales d’Afrique et Madagascar» (#SECAM) bamenyesheje ko batazopfa bahezagiye abahuza ibitsina babisangiye.ku bwabo,ntibihuye n,ijambo ry’Imana.mbere babona ko biteye kubiri n’imico y’ikinyafrika.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments