UBM News ads UBM News ads
Monday, July 22, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Gitega:Alain Guillaume Bunyoni yarasatswe aho apfungiwe maze hatorwa terefone zibiri ngendanwa

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abapolisi benshi barongowe n’umukuru w’igipolisi mu ntara Gitega,Colonel de police Evariste Habogorimana n’abakozi b’igendereza baraye bakoze kuri uwu wa mbere hafi isaha zitatu z’igitondo,isakwa mu cumba gipfungiwemwo uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, Général Alain Guillaume Bunyoni.

Amaterefone abiri yarafashwe inyuma yaho habonekeye ubutumwa bwa Bunyoni bivurwa ko yoba yaheruka kurungikira Prezida Ndayishimiye kugira amwipfurize umwaka mushasha,kubw’inkuru dukesha ikinyamakuru Sos Médias Burundi.

Kubw’abahaye inkuru ico kinyamakuru ,bemeza ko ama terefone abiri yafashwe n’igipolisi aca arabikwa n’igipolisi imyuma y’umukwabu w’isaka ryakozwe mu nyubakwa irimwo icumba gipfungiwemwo uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni.

Kubwo amasoko ava mu burongozi bw’iryo bohero,abajejwe umutekeno mu ntara ya Gitega boba baronse itegeko giturumbuka kugira baje gukora iryo sakwa.«Nta cizere cari kihari hagati y’igipolisi n’abajejwe igendereza bari bagiye muri ryo saka.vyaboneka ko bose bacungana »niko bivugwa n’amasoko yavuganye na Sos médias Burundi.

Amakuru Sos Médias Burundi itaremeza avuga ko iryo saka ryaturutse k’ubutumwa uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere yoba yararungikiye umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kugira ngo «amwipfurize umwaka mwiza».muri kigarama guheze,sentare ntahinyuzwa y’uburundi yaciriye uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere gupfungwa ubuzima bwiwe bwose.

Kuwa 2 nzero uheze,yarunguruje urubanza.hagati ya munyonyo 2023 na nzero 2024,ni incuro ya gatatu habaye isakwa ry’igipolisi muri ico cumba ca Bunyoni. kubw’amasoko mubajejwe umutekano«Muri ayo masaha abiri ya mbere,nta kintu na kimwe cari catowe muri ico cumba»ni ko rimwe mu masoko mu gipolisi ryavuganye na Sos Medias Burundi ryemeza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments