UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Papa Francisco amenyesha ko azogendera uburundi mu mwaka uza wa 2023.

UBM News ads

Umwungere wa Ekleziya katorika kw-isi, Papa Francisco azongera igihugu c-uburundi mu mwaka uza wa 2023. Akaba azoba aje mu Burundi mu ntumbero yo gukomeza ubucuti n-imigenderanire biri hagati y-uburundi na Vatikano. Tukaba tubikesha urubuga rwa Twitter rw-ubushikiranganji bw-uburundi bujejwe imigenderanire n-ayandi makungu .Image

Umwungere Francisco akaba kandi yabiyagiye umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye aho nawene yari yamugendeye yitavye ubutumire yari yamurungikiye. Gusa itarike n-ukwezi  nyezina Papa Francisco azogendera uburundi ntivyamenyeshejwe ariko ngo bizotangazwa izo mpande zibiri zibanje kuvyumvikanako.

Tubamenyeshe ko Uburundi hari haciye igihe cababa imyaka 30 bugendewe na Papa Yohani Paulo wa kabiri. Hari mu mwaka wa 1992.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments