Kuva mu mwaka wa 2021, Ibihugu vy-uburundi n-urwanda vyaratanguye kugira ubwigoro buboneka ndetse budasanzwe mu ntumbero yo gusubira kunywana inyuma y-imyaka irenga itanu ivyo bihugu birabana ay-ingwe. Kugira ukwo gusubira kunywana gukunde burundu ku mpande zose hariho ikibazo kigisigaye twovuga nk-icanyuma Leta y-uburundi imaze imisi iriko isaba Leta y-urwanda:Kutanga abagirizwa kugerageza gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015, uburundi buvuga ko urwanda rubacumbikiye. Leta ya Kigali nayo ikaba yaramaze gutangaza aho ihagaze kw-ico kibazo ko idashobora gutanga abantu bari mu minwe y-ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw-isi, HCR . Bamwe n-abandi mu bavuganye n-ikinyamakuru UBM NEWS batubwira ko ku ruhande rumwe bishoboka ko urwanda rutanga ku burundi izo mpunzi za politike rufise ariko inyungu rushaka gushikako. Ku rundi ruhande rugashobora kutavyemera bitewe nuko rwoba ruhonyanze amategeko mpuzamakungu ajejwe gukingira impunzi.
Uyu yize ivy-amategeko amenyesha ko Urwanda vyorugora kwisubirako kuvyo rwatangaje ko abagirizwa guhungabanya ubutegetsi mu Burundi mu mwaka wa 2015 batakiri mu minwe yabwo ko ari HCR isigaye ibafiseko uburenganzira. Kubw-uwo munyamategeko atashimye ko tumuvuga izina, abona ko urwanda hamwe rutanze uwo murwi w-impunzi ku barundi ruzoba ruhonyanze izuba riva amategeko mpuzamakungu ajanye no gukingira impunzi. kuko kubwiwe, impunzi ntiyemerewe gusubizwa iwabo mugihe itavyiyumvamwo. Ariko akongera akavuga uku :« Vyose bishobora guhinduka maze amategeko agahonyangwa abo barundi bahungiye mu Rwanda bagatangwa ku burundi bitewe n-inyungu urwanda rwipfuza gushikako, erega ntakidashoboka!»
Grégoire Nzabamwita, ni umunyarwanda asanzwe akorera ahari ibituro vy-imiduga yunguruza abantu ibakura mu Kanyaru ibashikana ahitwa i Nyabugogo, wewe ntarya umunwa mukumenyesha urwanda rwatevye ahubwo kutanga abo barundi kuko kubwiwe ngo urwanda ntirushobora guhomba iki nakiriya bitewe n-ibibazo abarundi ubwabo bafitaniye. «Uno musi raba ibintu tuguma duhomba nkivyo twahora dukura i Burundi canke tukinjizayo . Ama services yacu asa nayahomvye kuko twakura abantu benshi b-abarundi i Kanyaru baje gusura incyuti zabo aha i Kigali, Nsinumva igituma imipaka y-ivyo bihugu bibiri yoguma yugaye» Niko Nzabamwita abandanya avuga.
Hariho n-abafise icizere ku mishikirano imaze imisi iriko ihuza abategetsi b-uburundi hamwe nab-urwanda ko umwanya n-umwanya ishobora kuvamwo ikintu kizima gishobora gushimisha abanyagihugu baturuka mw-ivyo bihugu bibiri bibanyi. Umwe mubanyagihugu avuka muri komine Rugombo wewe ati: «Amakuru adushikira twarumvise ko Perezida Ndayishimiye co kimwe na Perezida Kagame bashobora guhura umwanya n-umwanya bagakemura ikibazo c-imigenderanire yo hagati y-ivyo bihugu yatosekaye , maze dusubire kuza turishorera mu Rwanda ata nkomanzi ubuki, ivyamwa hamwe n-amatomati, reka rero tubihe umwanya kuko umwanya niwe mucamanza»
Twobibutsa ko Leta y-uburundi iheruka kandi gutangaza ko yiteguriye kwugurura umupaka uhana urubibe n-igihugu c-urwanda hamwe Urwanda rwotanga abarundi bagirizwa gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015 bahungiye mw-ico gihugu. Vyatangajwe kuri uyu wa gatanu n-umuvugizi w-umukuru w-igihugu c-uburundi Evelyne Butoyi igihe hariko haremeshwa ku banyamakuru n-abanyagihugu ikiganiro c-abavugizi b-inzego za Leta cabereye ku murwa mukuru w-intara ya Rutana ( mu bumanuko bushira ubuseruko bw-uburundi). Ariko kw-ivyo vyatangajwe na Evelyne Butoyi, Urwanda ntaco burashima kugira ico bubivuzeko.





Recent Comments