Leta y-uburundi imenyesha ko ititeguriye gufungura umupaka uburundi buhana n-urwanda mu gihe Urwanda rwaba rutararungira uburundi abagerageje gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015. Vyatangajwe kuri uyu wa gatanu n-umuvugizi w-umukuru w-igihugu c-uburundi , Evelyne Butoyi, hari mu kiganiro abavugizi b-inzego nkuru zitandukanye z-igihugu bahaye abamenyeshamakuru n-abanyagihugu ku murwa mukuru w-intara ya Rutana.
Mw-ico kiganiro c-abavugizi b-inzego zitandukanye za Leta, Evelyne Butoyi ati :«…Uno musi rero baruguruye uruhande rwo mu Rwanda , reka natwe turindire iyo bitera bija kuko nico twese  twipfuza kandi bariko barakora ibishoboka vyose kugira iyo migenderanire itere ije imbere. Hama muvyo uburundi busaba, nibasanga barya batembagaje ubutegetsi uburundi uno musi uburundi buriko busaba urwanda basigaye bagengwa n-amategeko mpuzamakungu , Reka ivyo tubirindire mugabo ico muzi coco muraziko hariho abateye igihugu mu 2015 bari mu Rwanda kandi Leta y-uburundi ntivyayinezereje na gato»
Naho Leta y-uburundi itangaza ivyo, Abahinga mu bijanye n-ivy-imigenderanire n-ayandi makungu babona ko igihugu c-urwanda gishobora kuba kiriko gisabwa amananiza na Leta y-uburundi kuko burya gutanga impunzi igengwa n-amategeko y-ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw-isi HCR , ukayihereza abarongoye igihugu yaje ihunga, aba ari ikintu kigoye cane ndetse gishobora gutuma urwanda rurwa mu mutego wo guhonyanga amategeko mpuzamakungu ajejwe ukwo impunzi zifatwa mu bihugu ziba zarahawe ubuhungiro.
Â
Recent Comments