Uwahoze ari umwungere wa Ekleziya katorika , Papa Benedigito wa 16 yitavye Imana mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 31 Kigarama 2022. Ni inyuma yahoo muri iyi indwi turiko tusozera Papa Fransisko asabiye abakirisu biwe gusengera uwo mwungere kuko amagara yiwe yariko aguma amera nabi.
Nkuko uwujejwe kumenyesha amakuru I vatikano yabitangaje, Matteo Bruni yagize ati :″Ndi n’akababaro ko kubamenyesha ko papa Benedigito wa 16 yitavye Imana isaha zitatu n’iminota 34 z’agatondo mu nzu y’abamonaki Mater Ecclesiae i Vatikano‟
Jozef Ratzinger akaba yari yatowe kuba umwungere wa Ekleziya Katorika mu mwaka wa 2005 asubiriye Papa yohani Pahuro wa 2 yarahejeje kwitaba Imana .
Benedigito wa 16 apfuye ku myaka 95 y’amavuko, yakomoka mu gihugu c’ubudagi . Yavuye mu mabanga y’ubu Papa mu mwaka w’2013 bitewe n’imvo z’amagara. Aca asubirizwa na Papa Fransisko ahari iki gihe.