Hamaze igihe havurwa amajambo menshi ku bijanye n’indege nshasha yoza irerura umukuru w’igihugu c’uburundi yatangajwe ko yabonetse hari mu mwaka wa 2014. Ukwo imyaka yagiye ikwirikira imvugo z’abategetsi b’uburundi ku bijanye n’ivy’iyo ndege zagiye zihindagurika . Ubwa mbere, iyo ndege yitwa Gulfstream IV 9UBKB vyatangajwe ko ari ingabire Leta y’uburundi yahawe n’abagenzi b’uburundi, mu nyuma naho biza kuvurwa ko ari Leta y’uburundi yayiguriye. Ubu naho Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye yaraye atangaje ko iyo ndege yahavuye ikoteshwa ariko amafaranga yavuye mu kuyikotesha yahavuye agaruka kuriha ikibanza iyo ndege imazemwo irimwo mu gihugu ca Espagne. Abatari bake n’ubu barashaka kumenya aho ukuri guhagaze mw’izo nyishu zitatu zatanzwe n’abategetsi b’uburundi kw’iyo ndege yari yagenewe kurerura umukuru w’igihugu c’uburundi.
Mu mwaka w’2014, Ibiro vy’umukuru w’igihugu w’ico gihe , vyatangaje ko uburundi bwaronse indege igiye kuzohora irerura umukuru w’igihugu. Ico gihe, umuvugizi wa Leta, Philippe Nzobonariba yatangaje ko iyo ndege ari ingabire yatanzwe n’abagenzi b’uburundi . Umuvugizi wa Perezida Nkurunziza w’ico gihe, Léonidas Hatungimana yamenyesheje ko iyo ndege yaguzwe amadorari y’abanyamerika 8.500.000. Mw’ishirahamwe OLUCOME bahavuye bamenyesha ko bwabaye ubuhinga bwo kwiba amafaranga igihugu kironka avuye mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya [AMISOM]
Mu mpera z’umwaka wa 2016, Inyuma y’imyaka ibiri ivuzwe, ya ndege yaraje ku kibuga c’indege ca Bujumbura . Yakirwa n’umushikiranganji Alain-Guillaume Bunyoni . Ivyavuzwe ko ariwe yariye amahera ya AMISOM mu kwemeza ko ariyo yahavuye agura iyo ndege. Icatangaje benshi ni uko iyo ndege itigeze irerura umutegetsi n’umwe w’uburundi.
Mu mwaka wa 2017, indege yarasohotse igihugu inyuma y’ingingo yafashwe n’inama nshikiranganji yo kuja kuyikotesha .
Mu mwaka w’2021, indege yabonetse iri ku kibuga c’indege c’i Madrid mu gihugu ca Espagne yarakuweko ivyerekana vyose ko ari indege y’uburundi. Bikavurwa ko n’inyandiko zayo ku mbuga ngurukanabumenyi zivuga ko isigaye ari indege y’uwigenga.
Kuri uyu wa 30 Kigarama 2022, Mu kiganiro yaraye agiranye n’abarundi mu ntara ya Kirundo, Umukuru w’igihugu c’uburundi yaraye atangaje ko indege yakoteshejwe , ko ubu yibereye mu gihugu ca Espagne irindiriye gusubirwamwo mu gihugu c’ubwongereza ko kandi amahera yayo yose yo kuyikotesha yahavuye aza ariha ico kibanza imazemwo imisi.
Abatari bake mu barundi bokwibaza utu tubazo dukwirikira:Kubw’izo mvugo zitatu zitandukanye z’abategetsi bacu bagiye badushikiriza, Twemeremwo iki? Indege koko yoba ihari canke harivyo duhishwa kugira ntitubimenye? Nyimba ihari kuki Perezida w’uburundi ahitamwo kuja gukota canke gusaba ″Lift‟ iyo afashe ingendo mu makungu? Canke nibatubwire ko ari ubunyonyezi bwabaye kandi n’ubu bikabandanya bukorwa n’abategetsi?
Recent Comments