Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsPerezida Ndayishimiye yagiriza sentare ya EAC kuba itigenga ikoreshwa n’abansi b’uburundi.

Perezida Ndayishimiye yagiriza sentare ya EAC kuba itigenga ikoreshwa n’abansi b’uburundi.

Umukuru w’igihugu c’uburundi yagiriza sentare y’akarere ka Afrika y’ubuseruko kuba yakoreye ku mabwire y’abantu bamwe batipfuriza ineza uburundi mu kwemeza ko ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza cahonyanze ibwirizwashingiro ry’uburundi. Perezida Ndayishimiye yaraye abishikirije kuri uyu wa gatanu mu kiganiro yagiranye n’abanyagihugu mu ntara ya Kirundo. Uwo aramutswa igihugu kino gihe akaba yagiriyeko amenyesha ko ivyo ataco bivuze nyarirya atigeze amenyeshwa ibijanye n’urwo rubanza.

Umukuru w’igihugu c’uburundi yagize ati ″Ku kibazo ca sentare ya Afrika y’ubuseruko yavuze ngo ikiringo nticari gikwije, jewe gushika ubu ntibaranyandikira ikete ngo ndaribone mugabo nababwiye ko hariho abantu bagifise imitima mibi. […] ndababaze ikibazo, murazi icarico ubwigenge bw’igihugu? Ibwirizwashingiro ry’uburundi rirasa n’ibwirizwashingiro rya Tanzaniya? Rirasa n’ibwirizwashingiro ry’ubuganda? Rirasa n’ibwirizwashingiro rya sudani y’epfo? Mbwira rero iyo sentare ingene izoshobora kuza irasesangura ingingo y’ibwirizwashingiro y’igihugu bigakunda?‟

Perezida Varisito Ndayishimiye yarongeyeko ati :″Nta gihugu gifise uburenganzira bwo kuja kwiga ingingo y’ibwirizwashingiro ry’ahandi. Ivyo rero, mwe muze mumenya politike hariho abantu bazi gucengetera bazi gukoresha abandi kugira babe barahahamura abarundi . Jewe rero nsimpahamuka‟

Kubijanye n’uko Perezida Ndayishimiye atigeze amenyeshwa n’iyo sentare ya EAC k’urwo rubanza yaciye, ngo ntibifise ishingiro nkuko bivurwa n’umushingwamanza DieudonnéBashirahishize ari nawe ari mubitwariye Leta y’uburundi mw’iyo sentare.
″Biratangaje yuko ubwa mbere avuga yuko izo nzego atazi ingene ziriko zirakora afise amaraporo yose , bikanatangaza kandi ko ingene agomba guhakana ububasha bw’iyo sentare. Umuvugizi wiwe yaragize ico ashikiriza k’urwo rubanza ko baza bararuronse, muribuka avuga ko urwo rubanza ata gaciro rufise kubera uwo rwaraba Perezida Nkurunziza yamaze gupfa bigatangaza rero ingene umuvugizi aronka urubanza sebuja ntaruronke‟ Niko umushingwamanza Bashirahishize avuga hari mu kiganiro yagiraniye n’abagenzi bacu b’iradiyo INZAMBA Agateka Kawe.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments