Pacifique NININAHAZWE n’abandi icenda bafatiwe ingingo zikomeye

0

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yafashe ingingo y’uguhagarika vy’agateganyo ibikorwa vy’amashirahamwe cumi adaharanira ivyicaro vya poritike mu Burundi.

Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, mw’itegeko nomero 1597 yasohoye kuri uwu wa mbere, yamenyesheje ko ayo mashirahamwe yagirizwa imigumuko, hamwe n’ukwifadikanya n’abashatse guhirika ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

vu1

Ayo mashirahamwe asanzwe azwi ko yahamagariye abarundi kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA ahagaritswe vy’agateganyo inyuma y’aho n’ububiko bw’amafaranga bwayo buhagarikiwe, kw’itegeko rya Valentin BAGORIKUNDA, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika.

Amashirahamwe yagaritswe ni :

APROHD : Association de Protection des Personnes Détenues et des Droits
de l’Homme)

FORSC : Forum pour le Renforcement de la Société civile

FOCODE : Forum pour la Conscience et le Développement

PARCEM : Parole et Action pour le Réveil des Consciences et l’Evolution des Mentalités

Maison SHALOM

ACAT : Action des Chrétiens pour l’Abolition de la Torture

Fontaine ISOKO

SPPDF : Synérgie des Partenaires pour la Promotion des Droits de la Femme

AMINA : Amicale des Militaires en Non Activités

RCP : Réseau des Citoyens Probes
vu2