UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Pacifique Ndayisaba arasaba Leta ya Australiya kugumiza amaso kubibera mu Burundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwuserukira abarundi baba muri australiya Pacifique Ndayisaba amenyesha ko bandikiye ubushikirangaji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bw’ico gihugu bamusaba ko Leta ya Autraliya ibandanya igumiza amaso k’uburundi kubw’amabi ajanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu bibandanya kwibonekeza mu Burundi n’indyane zishobora kwaduka mu karere.

Kubw’inkuru dukesha i radiyo inzamba agateka kawe,uwo aserukira abarundi baba muri Australiya yemeza ko ikibazo c’abarundi kizotorerwa umuti n’abarundi bonyene ariko kitabuza ko bokwitura ibihugu vya rutura kugira bifashe muri urwo rugamba narirya bisanzwe bishira imbere intwaro rusangi mu bihugu vyabo.

Pacifique Ndayisaba agira ati:«twandikiye Leta ya Australiya tuyibwira ngo ukwisanzwe yitaho n’ibindi bibazo bibera ahandi,tubabwira ngo ntibahirahire ngo barabe hirya baheze ngo babifate minenengwe ibara ririko riraba mu gihugu tuvamwo ngo bitandukire no mukarere.iri kete ryanditswe twerekana ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu,twerekana ingene impunzi zikiri mu makambi y’impunzi zigoreweyo n’abarundi benshi babandanya guhunga kubera ibibazo vy’ubutunzi abandi ibibazo vyo gukubagurwa kubera ubwoko bwabo canke ivyiyumviro vya politike bitandukanye rero batumenyesheje ko ikibazo c’uburundi bakizi kandi babikwirikirana».

Tubibutse ko abarundi baba mu mahanga batari bake bamaze imisi bashikiriza ivyiyumviro vyabo vyubaka haba muri politike no muvy’ubutunzi kugira mu gihugu habe impinduka maze uburundi bugire ishusho nziza mu makungu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments