UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abanyeshure ba kaminuza y’u Burundi biga kungurane ya Leta bokwiruhutsa.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi mu Burundi Dr François Havyarimana amenyesha ko abanyeshure ba kaminuza y’u Burundi biga bahabwa ingurane ya Leta “Prêt bourse”borema kuko uburyo bw’amafaranga yerekeye iyo ngurane buhari kandi bukwiye kubanyeshure bose bagenewe iyo iyo ngurane ya Leta.ivyo yabishikirije igihe uwo mushikiranganji yariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji arongoye mu mezi atandatu yanyuma y’umwaka wa 2023.

Dr François Havyarimana agira ati:«Leta yategekanije uburyo bukwiye kugira abanyeshure bose baronke ingurane bahabwa na Leta ata gucererwa.ntacotuma rero abo banyeshure bateba kuronka iyo ngurane bishobora kuba vyavuye k ‘ukwikwega kwaba n’abariya ivyo navyo tugiye kubikwirikirana».

Uwo arongoye ubwo bushikiranganji amenyesha ko hariho n’abanyeshure banka gusinya contrat yo gutora iyo ngurane aho usanga baca bagenda baravuga ngo iyo ngurane yabuze kandi vyavuye kuribo.

Tubibutse ko kuva mu mwaka wa 2018 Leta y uburundi yatanguje umugambi mushasha wo gutanga ingurane ku banyeshure baja kwiga Kaminuza y’u Burundi mu ntumbero yo kugabanya uburyo Leta ikoresha muri Kaminuza y’uburundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments