UBM News ads UBM News ads
Thursday, July 25, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abarundi bahungiye mw’izinga ry’i Mayote boba bagiye kwirukanwa.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abarundi bagiye gusaba ubuhungiro mw’izinga ry’i Mayote ryegukira igihugu c’ubufaransa baratekewe n’ubwoba ko bashobora kugarukanwa mu gihugu c’uburundi bavuyemwo bahunga ubutegetsi bw’ico gihugu mu mwaka wa 2015 bashaka kugirirwa nabi kubera umutekano muke.N’inyuma yaho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu w’ubufaransa Jérald Darmanin akoze urugendo kuri uyu w’Imana mur’iryo zinga akamenyesha ko abataronkejwe ubuhungiro bashobora kwirukanwa bagasubira mu bihugu vyabo baje bavamwo.

Kubw’inkuru dukesha i radiyo Inzamba agateka kawe,uwo mushikiranganji yamenyesheje ko hariho uburenganzira bumwe kubasaba ubuhungiro bugiye gukurwaho kubera integuro nshasha yo guhindura amategeko mw’ibwirizwa nshingiro ifuta uburenganzira bw’abasaba ubuhungiro mur’iryo zinga rya mayote riherereye mw’ibahari ya indiyano rihanzwe n’ibitigiri vyinshi vy’abimukira.iyo ngingo ikazokora kubarundi hamwe n’abandi bimukira bariko basaba ubuhungiro mur’iryo zinga.

Umwe mu barundi bahungiye mur’iryo zinga yaganiriye na radiyo inzamba agira ati:« Turatewe impungenge n’umutekano muke dufise muri uno mwanya aho udashobora gusohoka tuguma mu nzu.inzo nzu tugumamwo nizabanyagihugu b’i Mayote kandi benshi baramenyeshejwe ko umwanya n’umwanya bashobora kuyavamwo.ngo ntibakeneye gupangisha abanyafrika n’ivyo twahora dukora vyose kugira tubeho vyarahagaze.ikije kuvyunyura nuko bagiye kudusubiza iwacu aho twaje duhunga umutekano muke».

Abo barundi bagiye gusaba ubuhungiro mw’izinga rya mayote barasaba abafise ico bafasha bose cane cane ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR kubakwirikiranira ico kibazo kuko impunzi idashobora gusubizwa iwabo atariyo nyene ivyishakiye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments