ONU iranegura amatora y’abajenama b’ama komine ko atabaye mu bihe vyiza

0

Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU riranegura amatora y’abajenama b’ama komine hamwe n’abashingamateka yaraye abaye igenekerezo rya 29 ruheshi. Mu cegeranyo iryo shirahamwe ryashize ahabona rimenyesha ko ayo matora hari utunenge tutari duke twabonetsemwo.

burundi-election

Ishirahamwe ONU ryamenyesheje ko umutekano utari ukwiye mu gihugu ku buryo ayo matora aba mu mutekano, bagatanga ibimenyetso vy’umutekano muke warangwa mu gisagara ca Bujumbura hamwe n’ubwicanyi bwahabereye.

Iryo shirahamwe ntiryaretse kumenyesha kandi ko abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Bujumbura batoroherejwe gukora imyiyamamazo mu gihe abacuditse n’umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD  hamwe n’uwo mugambwe nyene bashoboye kwiyamamaza mu mutekano ntangere. Ivyo bikaba ari bimwe mu vyatumye iyo migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi ifata ingingo yo kuva muri ayo amatora.

Mwomenya ko ishirahamwe ONU rineguye ayo matora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka mu gihe himirije muri uku kwezi nyene kw’indwi amatora y’umukuru w’igihugu.  Umukuru w’igihugu c’Uburundi  Petero Nkurunziza  akaba yashizwe Imbere n’umugambwe avamwo CNDD FDD ngo abe ariwe azowuserukira muri ayo matora ariko abatavugarumwe nawo mugambwe bakamenyesha ko ukwo ari uguhonyanga Amasezerano y’i  Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi, bakaba bamwe bamwe baranasokoye muri ayo matora mu gihe bari bamaze kumenyesha ko bazitoza.