Abazokwitaba n’abazotuma ababaserukira Ntibaramenyekana mu nama y’abakuru b’ibihugu vya afrika y’Ubuseruko

0

DnEACSummit2002hi

Ku rutonde rw’Inama z’abakuru b’ibihugu vyo muri afrika y’ubuseruko ziriko ziraba,hongewemwo iyizoba kuri uyu wa 6 mukakakro muri Tanzania aho bivurwa ko izoba iramutse kandi yihweza ikibazo c’Uburundi. Iyo nama yatumweko n’umukuru w’igihuguca Tanzanie akaba kandi ari nawe atwara ishirahamwe rya afrika y’Ubuseruko.

Nkuko bimenyerewe muri ino misi, abakuru b’ibihugu bo muri Afrika y’ubuseruko ntibacitabira bose izo nama, n’ubu hakaba hataramenyekana abazogenda n’abazotuma ababaserukira nkuko umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza n’umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame baheruka kubikora kuyari yatumweko muri ico gihugu nyene.

Ivyo bikaba bibaye mu gihe hanaheruka iyindi nama y’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika aho yabera muri Afrika y’epfo aho nyene umukuru w’Igihugu c’Uburundi akaba atashoboye kwitabira iyo nama hakaba hagiye umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Ambassador Aimee Nyamitwe.