Amatora 2015  – Ikibanza ca mbere ni CNDD FDD, ica kabiri ni abigenga Mizero y’abarundi

0

Umugambwe CNDD FDD uza ku kibanza ca mbere  mu biharuro vy’imfatakibanza  umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI ushikiriza.

Agathon-Rwasa-lors-de-linterview

Mu gihe hakirindiriwe ibiharuro ntabanduka vy’amatora y’abajenama b’amakomine hamwe n’abashingamateka yabaye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 29  ruheshi mu Burundi, umurwi ujejwe gutegura amatora uramenyesha uko ibiharuro vy’imfata kibanza vyifashe.

Mu biharuro vy’imfatakibanza bimaze kuboneka ngo umugambwe CNDD FDD uza ku kibanza ca mbere ugakurikirwa n’urunani abigenga Amizero y’abarundi rutwarwa na Rwasa agathon. Ariko urwo runani rukaba rwari rwaramenyesheje ko rutakiri mu matora ahubwo runatumirira abanywanyi barwo ko batokwitabira ayo matora.

Umuvugizi w’uwo murwi utegura amatora Ntahorwamiye amenyesha ko ayo majwi y’uro runani rw’abigenga Amizero y’abarundi  adashobora gufatwa nk’impfagusa kubera basanzwe bari ku rutonde rw’abitoza.