UBM News ads
Wednesday, November 29, 2023
No menu items!
UBM News ads

Abarundi n’abandi banyafrika bahungiye i Mayotte basaba Ubufaransa kubatunganiriza ku bwicanyi baguma bakorerwa.

Abarundi co kimwe n’abandi banyafrika bahungiye mw’izinga rya Mayotte, ryegukira igihugu c’ubufaransa bazindukiye mu myiyerekano kuri uyu wa mbere . Ukwo bari barenga amajana abiri basaba ubutungane kw’igandagurwa rya mugenzi wabo Mohamed Feruzi (umurundi yabaye buramatari w’intara ya Muyinga) yitavye Imana kuwa 17 Mukakaro amaze imisi atemagujwe imipanga n’urwaruka rw’imvukira rwo muriryo zinga. Abo bahungiye mw’iryo zinga bakabona ko ubwo bwicanyi buriko bwibasira abanyafrika buteye amakenga.Image

Barenga amajana abiri abantu bari bitavye iyo myiyerekano yo gusaba ubutungane k’urupfu rwa Mohamed Feruzi yagandaguwe n’urwaruka rw’imvukira ry’izinga rya Mayotte. Abo banyafrika bari bafise imodoka iriko ifoto zibiri nini ziriko umuhisi Mohamed Feruzi . Muri iyo myerekano, Baciye kubiro bitandukanye vya Leta ngo kandi hose bakiriwe barashikiriza imvo z’imyiyerekano yabo. Mohamed Feruzi abaye umunyafrika gatatu agandaguriwe  muri iryo zinga mu kiringo c’imyaka ibiri . Abanyafrika bahaba basaba gukingirwa n’igihugu c’ubufaransa baje gusabamwo ubuhungiro.

Tubamenyeshe ko Mohamed Feruzi yitavye Imana kuwa 17 Mukakaro 2022 yaramaze imisi yarataye ubwenge  ivyo bita «coma» ni inyuma yogutemaguzwa imipanga n’umurwi w’imisore y’imvukira bamutegereye avuye ku kazi . Iyo misore yariko ihiga icitwa umunyafrika inyuma yuko umwe mu bana b’imvukira agonzwe n’umunyafrika. Feruzi yaramaze imyaka itatu muri iryo zinga rya Mayotte ryegukira igihugu c’ubufaransa. Akaba yarabaye buramatari w’intara ya Muyinga ku butegetsi bw’imanda ya mbere y’umuhisi Petero Nkurunziza. Yarongeye kandi arongora ikigo ca Leta kiraba ibidukikije INECN.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments