UBM News ads

Abagirizwa «coup d’Etat» yo kuwa 13 Rusama 2015 boba bagiye gutangwa n-urwanda bakazanwa i Burundi?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umubonano wo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2022 wabereye  mu gihugu c-urwanda hagati y-intumwa z-ubushikiranganji bw-ubutungane bwa Leta y-uburundi n-iz-urwanda ni ikimenyetso c-uko ikibazo c-abashatse gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015 kigiye gutorerwa umuti maze barungikwe mu Burundi  ubutungane bubacire urubanza. Vyashikirijwe kuri uyu wa gatanu nyene na Perezida Ndayishimiye igihe yaratahutse avuye mu gihugu ca republika iharanira intwaro ya Congo.Burundi Major General Godefroid Niyombare

Avuye mu nama igira cumi  yabahuje n-abandi bakuru b-ibihugu vyo mu karere , Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye ati :«Turashima intambwe urwanda na Uganda bagezeko mu mwumvikano kuba baruguruye urya mupaka wa Gatuna , barakenguruka ibiganiro uburundi n-urwanda ukwo biriko birakorwa kugira amatati dufitaniye ahere. Barashima mbere kuba tumaze kugira umurwi w-abahinga muvy-ubutungane uza uri mu Rwanda ubu nyene bariko barakorera hamwe kugira turabe ingene babandi batembagaza ubutegetsi boza bagashikirizwa ubutungane mu Burundi»

Kuri uyo mubonano wabaye kuri uyu wa gatanu mu gihugu c-urwanda, intumwa za Leta y-uburundi zikaba zari zirongowe n-umushikiranganji w-ubutungane Domine  Banyankimbona bakaba babonanye na mugenziwe w-urwanda . Ariko icavuye icese mw-uwo mubonano kikaba kitaraja ahabona.

Tubamenyeshe ko Leta y-urwanda yamaze kwerekana ko idashobora guhonyanga amategeko akingira impunzi mu gihe Leta y-uburundi yobasaba gutanga abo bantu bagirizwa gutembagaza ubutegetsi  baza iki gihe bari mu minwe y-ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments