UBM News ads

Umukuru w’igihugu aragabisha umutegetsi wese azofatwa atahanye abarya igiturire

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu majambo umukuru w igihugu c’Uburundi, Ndayishimiye Evariste yashikirije ku musi wa nyuma wo gusozera umusi mukuru w’umutangakori, yagabishije abategetsi bose bokwikika mu kiza maze ntibahane abazoba bagirizwa gutanga canke kwakira igiturire.

Umukuru w’igihugu aragabisha umutegetsi wese azofatwa atahanye abarya igiturire canke hakaboneka uwariwe wese atavuze ngo ahanwe hisunzwe amategeko.

Umukuru w igihugu akanagabisha abo bategetsi bamwe bamwe bikika mu kiza ko bashobora kubihanirwa mu kwirukanwa mu mabanga yabo.

Aha umukuru w igihugu akaba agabisha na cane cane aba officiers n abategetsi bamwe bamwe usanga bikika mu kiza maze ugasanga bariko bakorana n’abanyagihugu mu bikorwa bitabereye harimwo no kunyonora amatungo ya reta.

Evariste Ndayishimiye akaba kandi akebura abarundi bose kwijukira gutabga amakori kuko baba baterereye igihugu.

Igihugu c’ Uburundi kikaba kiri mubruhagarara rudasnazwe mu vy’ubutunzi kuva mu mwaka wa 2015 bivuye ku ntureka zakurikiye ukwitoza kwa Petero Nkurunziza umuhisi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments