Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeTrendingLeta irabeshuza ku vyashikirijwe na Methusselah Nikobamye ko yimwe «Lettre de crédit»...

Leta irabeshuza ku vyashikirijwe na Methusselah Nikobamye ko yimwe «Lettre de crédit» kugira azane igitoro i Burundi.

Leta y’uburundi ibicishije ku bushikiranganji bw’amasoko ntanga nguvu,ubutare n’agataka burabeshuza ibimaze imisi bishikirizwa na Methusselah Nikobamye benshi bazi kw’izina rya Pasteur Habimana ko ishirahamwe aserukira mu Burundi rikora urudandazwa rw’ igitoro ryitwa GASEN PETROLEUM BURUNDI S.A ryabuze uruhusha rwitwa «Lettre de Crédit» ruvuye muri Leta rwokuzana igitoro mu Burundi. Ubwo bushikiranganji buvuga ko bwaguye mu gahundwe bwumvise ivyo vyashikirijwe na Nikobamye kuko urwo ruhusha avuga yaruhawe mu mwaka wa 2019.

Léonidas Sindayigaya asanzwe avugira ubushikiranganji bw’amasoko ntanga nguvu, ubutare n’agataka ati :« …Turatangara twumvise amajambo yavuzwe ejo bundi kuko ikibazo gisubiye kuvyuka mu mwaka wa 2022 ngira ni kubera izi ngorane turimwo kuko urwo ruhusha yararuronse mu 2019 ntaco twabonye arukoresha».
Uwo yahoze arwana mu muhari FNL PALIPE-HUTU yatangaje abicishije ku mbuga ngurukana bumenyi ko ubwinshi bw’igitoro afise mu gihugu ca Tanzaniya kingana amaritiro imiriyoni 120 yiteguriye guhangana n’ingorane abarundi bamazemwo igihe yo kubura igitoro ko intambamyi agifise ari urwo ruhusha atarahabwa na Leta y’uburundi.
Mw’ishirahamwe OLUCOME ryiyemeje kurwanya abarya ibiturire hamwe n’abasesagura amatungo ya Leta bakicumva ko Pasteur Habimana atangaje ko ishirahamwe ryiwe aserukira imbere y’amategeko mu Burundi rije gutorera umuti burundu ku kibazo kijanye n’ibura ry’igitoro rimaze amezi mu Burundi, baciye bamenyesha ko Uwo Methusselah Nikobamye ata bubasha nyabuna afise bwo kuzana igitoro mu Burundi kuko ata buryo bw’amahera y’agaciro afise kugira ashobore kuzana igitoro mu Burundi. Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME asigura nyabuna ko kiretse ari hamwe ari imfashanyo Nikobamye yoba ahaye uburundi nayahandi ho ni Leta yonyene ijejwe kurondera ayo mahera y’agaciro maze ikayaha abasanzwe bazana ico gitoro mu gihugu c’ uburundi.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments