OLUCOME inegura amahera y-umurengera ariko akoreshwa mu ngendo zo hanze zikorwa na Ndayishimiye .

0

Kuva aho ashikiriye ubutegetsi mu mwaka uheze w-2020, umukuru w-igihugu c-uburundi Perezida Varisito Ndayishimiye amaze gukora ingendo zitari nke hanze y-igihugu aho amaze kugenderagushika ubu ibihugu bigera kuri indwi. Ishirahamwe OLUCOME rijejwe kurwanya abarya ibiturire no gusesagura amatungo ya Leta ryo rimenyesha ribicishije mw-itangazo ryasohoye  ko hariko hakoreshwa uburyo  bw-umurengera bw-amafaranga mw-izo ngendo Perezida Ndayishimiye amaze imisi akorera hanze y-uburundi. Ni mu gihe igihugu c-uburundi ngo kiza ubwa mbere kw-isi gikenye nk-uko biheruka gutangazwa n-ikigo FMI.Le président Evariste Ndayishimiye s'envole pour Malabo – IWACU

Kubwa Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME, avuga ko ingendo zimaze imisi zikorwa na Perezida Varisito Ndayishimiye zifise intumbero zibiri :kuja gushimira ibihugu vyaryamaryamyeko uburundi mu bihe vya politike bitari vyiza bwahitiyemwo burimwo hamwe no kuja gusaba abanyamitahe bo mw-ivyo bihugu baze gukorera mu Burundi. Intumbero ya kabiri yo ibonwa na Rufyiri nkiyidashoboka  kukubera ko igihugu c-uburundi kizingamitswe n-umugenzo wo kurya ibiturire ko bigoye cane kuhakorera imigambi. Umukuru wa OLUCOME amenyesha ko kubona igihugu c-uburundi kitagifise indege irerura umukuru w-igihugu biriko bituma hakoreshwa amafaranga y-umurengera mu gukota indege irerura Perezida Ndayishimiye iyo akoze izo ngendo zo  hanze y-uburundi. OLUCOME ibandanya ivuga ko itangazwa ndetse idatahura kubona indege zibiri vyatangajwe na Leta ko zaguzwe atawurigera azibona ziriko ziguruka ariko hakabandanya hagenerwa uburyo bwa miriyoni amajana bwo gusubirishamwo imwe mw-izo ndege.

Nk-umuti nyawo, Ishirahamwe OLUCOME risaba ko haba kugabanya uburyo bw-izo ngendo umukuru w-igihugu c-uburundi ariko akorera hanze y-igihugu, kusigurira abanyagihugu b-uburundi indege Leta yatangaje ko yaguze aho ziri gushika ubu.