Bitumwe n-amajambo yavugiye mu masengesho yo mu gatondo ku musigiti wo muri komine Ntahangwa, cheikh Rashid Ndikumana ubu abarizwa mu minwe y-inyamiramabi. Yagirizwa ko yagabishije yongera abwira umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca ko yosaba ikigongwe abayoboke ba isaramu mu Burundi ku majambo aherutse kuvuga.
Inyanduruko yo kuvuga ayo majambo ndetse no kuba cheikh Rashid yahagaritswe ni ivyo umushikiranganji Gervais Ndirakobuca aheruka kuvuga ku bijanye no gukoresha ivyuma vy-indangururamajwi bisanzwe biri ku minara y-imisigiti mu guhamagarira abantu ngo baje gusenga. Aho uwo mushikiranganji yasavye ko abayoboke b-idini rya isiramu mu Burundi bogabanya urwamo rw-ivyo vyuma ndangururamajwi kubera ngo usanga bikoma bikanakangura ababa baryamye bo mu micungararo basanzwe batari mw-iryo dini.
Mu gipolisi baremeza ayo makuru. Petero Nkurikiye asanzwe avugira ubwo bushikiranganji amenyeshako uwo mu isiramu wo kurwego rwa ˮ shehe‟ aza yamaze gukorerwa dosiye.





Recent Comments