UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Abayoboke b-idini rya Isiramu bagiriza Gervais Ndirakobuca ko ariko asambura imigenzo y-idini ryabo.

UBM News ads

Mu gihe yariko agirisha inama ba buramutari b-intara zigize uburundi, umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca yamenyesheje ko atashigikiye umugenzo w-idini rya isiramu wo kuzinduka kare guhamagarira  abayoboke babo kuja gusenga.Al Hadj Haruna Nkunduwiga : «J'invite les musulmans à oublier tout ce qui  les divisait…» – IWACU

Mu majambo yiwe , Ndirakobuca yavuze ati :ˮ Nsinibazo  yuko zirya micro muvugirako sa cenda y-ijoro sinibazako ariho abantu bumva, umuntu aziko afise devoir yo kuzinduka gusenga twese turazinduka gusenga arizindura nturinda kumuvyura. Umenga ni obligation umuvyuye ku nguvu ngo bavuze reka ngende, iyo devoir y-uko wenyene yijana muri mosquée gusenga aba ayifise aryama ayizi muga kuvyura abandi nabo biragoye‟

Ayo majambo aheruka gushikirizwa n-umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca yababaje abayoboke batari bake b-iryo dini rya isiramu mu Burundi ndetse bahava bagiriza uwo mushikiranganji wa Leta y-uburundi ko ariko asambura imigenzo y-idini ryabo ko nyimba vyo mukundira yo kwisubirako agasaba ikigongwe abo bayoboke inyuma yaho ngo agisabe n-Imana. Abo bayoboke bakongera bakavuga ko ayo majambo yavuzwe na Ndirakobuca ashobora gucanishamwo abasanzwe bemera mu Burundi ariko bakibaza nyimba abakiristu boshobora kushavuzwa n-ukuntu idini rya isiramu risanzwe ritunganijwe kandi kuva mu myaka y-1960 gushika ubu atawusanzwe Aryana urwara uyu n-uyundi ngo ariko ariko amubuza amahoro n-umwidegemvyo ko ahubwo basanzwe babanye neza kanatsinda bose bahurira k-urukundo rwama rusabwa n- Imana imwe rudende yaremye isi n-ijuru.

Abo bayoboke bakatinyirira ko bashobora gushikirwa n-ibimaze imisi bibera mu mashengero atandukanye y-abakristo asanzwe avugwamwo ugucanamwo ibice. Idini rizwi ndetse rimazemwo impari  igihe kitari gito ni irya aba Adiventiste bo ku musi w-indwi aho bivurwa ko bamwe bo mu ndongozi zikomakomeye z-igihugu harimwo umushikiranganji Gervais Ndirakobuca babifisemwo uruhara runiniya.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments