UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

OLUCOME imenyesha Leta ko yokwitegurira ingaruka mbi zitewe n’ikena ry’amafaranga mu banki.

UBM News ads

Ikibazo c’ikena ry’amafaranga mu banki kirajwe ishinga abanyagihugu muri kino gihe gishobora kugira ingaruka mbi nyishi ku bijanye n’ubutunzi bw’uburundi. Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’isesagura ry’amatungo ya Leta amenyesha ko zimwe muri izo ngaruka ari uko abarundi batazoba bakicizeye kubitsa amafaranga yabo mu ma banki , ivyo navyo bikazoca bikwega izindi nkwirikizi nyishi cane.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu, Gabriel RUFYIRI yagize ati:«Iki kibazo kijanye n’ikena ry’amafaranga y’amarundi mu ma banki , ni ikibazo Leta idafashe ingingo mu maguru masha ngo igitorere umuti , abarundi barashobora kuzohava basa nabahunga amabanki ubiravye neza ubu umuntu agiye gutora amafaranga cane cane nk’ibanki nka BCB , BANCOBU aho twovuga nko mu ma microfinance n’amakopeke na za poste usanga hoho ari nk’ibara aho usanga amafaranga mu vyukuri atayariho ngo bayatore kandi barabikishije. Uragenda nko muri BCB ugasanga bakubwiye ngo baguha ibihumbi 200 ugiye gutora umumiriyoni canke imiriyoni zibiri, ugaca wibaza ivyo bintu ingene bizohera kandi ugaca usanga muri Leta ntaco bariko barabivugako»

Muri OLUCOME, babona ko ingaruka mbi zitewe n’iryo bura ry’amafaranga mu mabanki ni uko ubuzima bw’abantu buca buhagarara ni ukuvuga ko kubwa OLUCOME ibikorwa vy’ubutunzi vyose navyo bica bihagarara. RUFYIRI agira ati: «nuko abantu baca bakura icizere ku mabanki bagaca bavuga bati amafaranga turonka ntituzopfa dusubiye kuyajana mu mabanki bagaca bagira bimwe vya «Thésaurisation», ugaca usanga ivyo navyo haca haba kimwe bita «circuit informel» ni ukuvuga amafaranga aca aza araca mu binywabi aho guca mu nzira zizwi kugira akwirikiranwe , ingaruka mbi zigaca ziba nka zirya zatumye Leta ica ikuraho amafaranga ya 5000 na 10000 kubera Leta itari ikiyabona mu buryo bwo guhanahana amafaranga mu buryo buzwi bw’amabanki»

Gabriel RUFYIRI yongera agasigura koi co kibazo c’ikena ry’amafaranga mu mabanki kiva ahanini mu ngingo zitizwe neza na Leta zifatwa mu bijanye n’ubutunzi, Ari naco gituma ahimiriza Leta y’uburundi kurondera abahinga mu vy’ubutunzi boyifasha gutorera umuti ico kibazo ibintu bitarunyuka.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments