Umurwizatunga Olivier Suguru ahanura amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ko ivyo bashikiriza bobanza kubitohoza neza , bakabaza abo vyega. Ni inyuma yaho uwurongoye ishirahamwe OLUCOME Gabriel Rufyiri rishize Olivier Suguru mu barwizatunga bane , bahabwa amasoko ya Leta nka yose atahiganwa ribaye.
Nkuko tubikesha ikinyamakuru Elicomag candikira ku buhinga ngurukanabumenyi , Olivier Suguru agasaba ayo mashirahamwe kutabandanya imvugo zica integeabarwizatunga , muri kino gihe bariko bita ku rutare mu gukingira igihugu ku ngaruka mbi ziva ku kikiza ca Covid-19, intambara yo mu gihugu ca Ukraine hamwe rero n’ibindi bihungabanya ubutunzi bw’isi.
Mu mpera z’ukwezi kwa Ntwarante uy’umwaka turimwo, Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME Yatangaje amazina y’abarundi bane bari ku rwego rw’abarwizatunga ndetse batunze gusumvya Leta. Abo nabo ni : Olivier Suguru, Venerand Kazohera, Adrien Ntigacika batazira Ziranotse hamwe n’abarongoye ishirahamwe Prestige. Ukwo ari bane akaba yabise “ibisuma” kuko kubwa Rufyiri ngo nibo barya amakori n’abamatagisi y’abarundi bose, ko aribo bapfukamye mu nda igihugu.