Thursday, June 8, 2023
HomeUbutunziLeta y’uburundi yarakuye amatagisi ku bifungurwa vya nkenerwa kugira ihangane n’iduga ry’ibiciro...

Leta y’uburundi yarakuye amatagisi ku bifungurwa vya nkenerwa kugira ihangane n’iduga ry’ibiciro riboneka ku masoko.

Leta y’uburundi ibicishije ku bushikiranganji bw’ikigega ca Leta, yarafashe ingingo kuri uyu wa 30 Ntwarante 2023 yo gukura amatagisi ku bifungurwa vya nkenerwa nk’umuceri , ibiharage, ifu y’imyumbati ,isukari , imyumbati n’intete z’ibigori.

Audace Niyonzima arongoye ubwo bushikiranganji asigura ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo guhangana n’iduga ry’ibiciro ryibonekeza mu masoko.

Abarundi batari bake twavuganye barashima cane iyo ngingo yaraye ifashwe na Leta. Bagasigura ko izotuma ibiciro bigabanuka kw’isoko. Bakizera kandi ko n’ibidandazwa vyari vyarabuze bishobora guca bitangura kuboneka. Bagasaba ariko ko amatagisi yokurwa no ku bindi atari ivyo gufungura

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...