Leta y’uburundi ibicishije ku bushikiranganji bw’ikigega ca Leta, yarafashe ingingo kuri uyu wa 30 Ntwarante 2023 yo gukura amatagisi ku bifungurwa vya nkenerwa nk’umuceri , ibiharage, ifu y’imyumbati ,isukari , imyumbati n’intete z’ibigori.
Audace Niyonzima arongoye ubwo bushikiranganji asigura ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo guhangana n’iduga ry’ibiciro ryibonekeza mu masoko.
Abarundi batari bake twavuganye barashima cane iyo ngingo yaraye ifashwe na Leta. Bagasigura ko izotuma ibiciro bigabanuka kw’isoko. Bakizera kandi ko n’ibidandazwa vyari vyarabuze bishobora guca bitangura kuboneka. Bagasaba ariko ko amatagisi yokurwa no ku bindi atari ivyo gufungura