Ishirahamwe ryo mu gihugu ca Zambiya ryitwa “Movement for Promoting National Values and Pinciples(MPNVPN)” riherutse kwandikira uwuserukira uburundi mw’ico gihugu Ambasaderi Pascal Ruhomvyumworo amajambo akaze ndetse yanateye ubwoba abarundi bari mw’ico gihugu ca Zambiya. Iryo shirahamwe rivuga ko ryiyamiriza umurengera w’abarundi baguma barondera kwinjira muri ico gihugu mu nzira zinyuranye n’amategeko, rikabona ko abarundi babangamiye umutekano w’ico gihugu.
MPNVP ivuga ko naho zambiya yashize umukono ku masezerano akingira impunzi, umutekano wayo nawo ubangamiwe n’abarundi baguma bayihungiramwo. Iryo shirahamwe rikabandanya rivuga ko kira musi hafatwa ku mbibe za zambiya abarundi benshi cane binjira badakurikije amategeko , ko ubusho bwa zambiya bwamaze kurengerwa n’ibihumbi vy’imfungwaz’abarundi.
MPNVP ryagiriza kandi bamwe mu barundi baba i Lusaka nahitwa i Kabwe ko bariko baragurisha abantu mu kuguma barondera abaza muri zambiya. Iryo shirahamwe rinavuga ko hariho n’abanyarwanda , abaganda n’abakongomani binjira muri zambiya bigize abarundi.
Kubw’ivyo rero, MPNVP isaba uwuserukira uburundi muri Zambiya Ambasaderi Pascal Ruhomvyumworo gufata icemezo kijanye n’abarundi baguma binjira muri zambiya .
Iryo kete ry’iiryo shirahamwe rirangiza rivuga ngo :”Turagusavye ko wotumenyesha nimba ubutunzi bw’igihugu canyu bugeze habi ku buryo ubuzima butagishobokayo , maze twitegurire kwakira impunzi zihunga ubukene . Rinasaba ko uburundi bwofata ingingo zikomeye zo gucumba imbibe zabwo”
Recent Comments