Umuririmvyi akongera akaba umutamvyi ariwe Olisaint agiye gushira ahabona indirimbo yakoranye n’umuririmvyi asanzwe aririmba mu mudiho wa Hip hop ariwe Stikk,indirimbo yitwa ”Ndashushe”
Nkuko rero amakuru ikinyamakuru cacu ubmnews dukesha uyo muririmvyi Olisaint avugako iyo ndirimbo yakoranye na Stikk igiye kuja ahabona vuba kandi ko abantu bazoyikunda cane bivanye n’ingene bayikoze,
Twarashoboye kumubaza rero icatumye ahitamwo gukorana nuyo muririmvyi stikk mu gihe hano mu gihugu iwacu hari abaririmvyi benshi kandi bazi kuririmba,Olisaint akaba yatubwiye ati:igituma nahisemwo gukorana na stikk nuko ari umuririmvyi nubaha kandi nkunda cane kuko imbere yuko ntangura umwuga wanje w’umuziki narakunda ingene stikk aririmba bigatuma nipfuza gukorana nawe ikintu umunsi umwe,novugako rero indoto zanje zo gukorana nuyo muririmvyi zashitse kandi ndashima Imana
Twarongeye turamubaza umunsi iyo ndirimbo izosohokerako,Olisaint akaba yatubwiye ko ari vuba ata n’indwi zibiri zisigaye
Tworangiza tubamenyesha ko Olisaint asanzwe kandi anatamba mu mugwi KOD