Nzeyimana Mkombozi : Ndashimira NYAKUBAHWA Agathon Rwasa kungingo yafashe .

0

Nyuma yaho Nyakubahwa Agathon Rwasa yemeye kuja munama nshingamateka aho abatari bake batavyakiriye kumwe, k’ Umuririmvyi wigihangange dufise mumuzi wu Burundi ” Nzeyimana Mkombozi ” we avuga ko ashimira nyakubahwa Agathon Rwasa kungingo yafashe.

DSC_9258

Kubwuno muririmvyi ngo Agathon Rwasa kuba yaremeye kuja munama nshingamateka ngo yerekanye ko akunda igihugu ciwe kurusha uko yokunda umugambwe.

Nzeyimana Mkombozi ati : Nshaka nishure abantu baguma bansaba ko nosohora indirimbo ikosora ivyo Nyakubahwa Agathon Rwasa aheruka gukora.

Ndababaze gato Amizero,Fnl,adc- Ikibiri,frodebu,Msd,uprona,Cndd fdd,za Nyakuri,cndd,Upd…..
Mwibaza ko kuri jewe iyo migambwe imfash’iki??Duhuzwa n igihugu ntakindi.kandi Umugambwe ni nkumuryango,nanje mfise umuryango wanje Imakamba turi nibibazo vyacu vy umuryango ariko ntitwobigir ibibazo vy’Uburundi.

rwasa

Ahubwo Ndashimira NYAKUBAHWA Agathon Rwasa kungingo yafashe kuko abarundi niho bazo tahura ko ico bakwiriye gukunda no kwizera ari uburundi,kuko nibwo bwabavyaye kandi bukaba bubakunda.

vyiza mwoba ABARUNDI BAKUNDA UBURUNDI ARIKO BIZERA IHINDUKA BICIYE MUMIGAMBWE YABO.KUKO UMUGAMBWE NTUZOHINDURA UBURUNDI ARIKO UMUNYAMUGAMBWE YOHINDURA UBURUNDI.

Kuko nka MUTAMA RWASA,yarinde kuri jewe n uburundi bwanje??Yari umunyagihugu nkabandi,mubona yahemukiye uburundi?mwabumuhaye ryari??

PAPA WAWE AGUHEMUKIYE UZOCA USHAKA KO UBURUNDI BWOSE BUHAGARARA??nimba yahemutse yoba yahemukiye umuryango wiwe Wa AMIZERO YABARUNDI KANDI AMIZERO YABARUNDI KURI JEWE DUHUZWA N UBURUNDI NTAKINDI.

Nkanje simfise ivyemeza ko yahemukiye Umuryango wiwe wa AMIZERO YABARUNDI,kuko sinzi n amategeko yuwo UMUGAMBWE wabo kandi sinshaka nokuyamenya kuko sico kindaje ishinga.
UMUGAMBWE SI PAPA WAWE KANDI SI MAMA WAWE ARIKO UBURUNDI NI PAPA WAWE KANDI NI MAMA WAWE,RWANIRA UBURUNDI BWAWE,KUKO IMIGAMBWE IRAHINDAGURIKA(AMAZINA,AMADRAPEAU…) ARIKO UBURUNDI BUBANDANYA ARI UBURUNDI NTIBUHINDAGURIKA,ZA FRODEBU,UPRONA,FNL,KOZABAYE ZIBIRI ZIBIRI ARIKO UBURUNDI NTIBUZIGERA BUBA BUBIRI.

mkomboz

None Ubu ikibazo c imigambwe yanyu carabaye c igihugu??aho hoho nanje umuryango wanje tugize ibibazo tuzobizane mugihugu??

Abarundi tujijuke kandi tumenye gutandukanya ibintu, benshi mukunda imigambwe kurush Uburundi,benshi muri aba PARTIOTES hokuba aba PATRIOTES.ahubwo bazobahemukire kenshi niho muzokwikubita agashi muze murugamba Rwamahoro,iteka n itekane kuburundi atari utwotugwi tugwi twanyu.

Mbe muri abanyamigambwe canke muri abarundi?
Kuki ikibazo c umugambwe mushaka kibatwar umutwe kurusha ikibazo c uburundi arico gihambaye cane??
Kandi mumenye ko” UMUGAMBWE ATARI IGIHUGU kandi ITERAMBERE RY IGIHUGU NTIRIVA MUBAKORERA IMIGAMBWE RIZOVA MUBAKORERA UBURUNDI”

Hasta LA Victoria Siempre