Nyuma yo gukorana indirimbo na YAMOTO BAND,Natacha yagarutse mu Burundi.

0

Umuririmvyikazi w’umurundi Natacha Ngendanka yagarutse mu Burundi nyuma yaho yaramaze iminsi ari mu gihugu ca Tanzania aho yari yagiye gukorana indirimbo n’umugwi ukomeye cane muri ico gihugu,umugwi wa YAMOTO BAND.
Natacha na Yamoto band
Agishika ku kibuga c’indege ca Bujumbura uyo muririmvyikazi w’umurundi akaba yagaragaje umunezero wiwe aho yavuze ko uyu mwaka agiye gukorana indirimbo n’abariririmvyi bakomeye muri Africa.
natha agarutse mu burundi
Twobamenyesha ko iyo ndirimbo Natacha yakoranye na YAMOTO BAND mugiye kuyumva vuba ku kinyamakuru canyu ubmnews.com