Nyuma ya ”True Storie” Strogoff atuzaniye ”Ni wewe”

0

Umuririmvyi w’umurundi Strogoff asanzwe aririmba mu mudiho wa Rap agiye gushira ahabona indirimbo nshasha izoza isubirira indirimbo yiwe yakunzwe cane yitwa ”True Storie”
strogof
Aganira n’ikinyamakuru cacu uyo muririmvyi akaba yamenyesheje ko agiye gushira ahabona indirimbo nshasha,indirimbo iryoshe cane,indirimbo yibaza ko izomushikana kuyindi ntambwe,indirimbo yitwa”Ni wewe”,Strogoff ati:Atagihindutse ku munsi w’ejo mu gatondo indirimbo nzoba ndayishize ahabona kandi abazoba aba mbere mu kuyironka n’ikinyamakuru ubmnews kuko ari kimwe mu binyamakuru nemera cane mu guteza imbere umuziki ndundi

Tworangiza tubamenyesha ko Strogoff ari mu baririmvyi bakundwa cane hano mu gihugu c’uburundi kandi bafise kazoza mu muziki ndundi