Ashley Diva yaronse aho agiye gukura umukate w’umwana

0

Ashley Diva n’umuririmvyi w’umurundikazi asanzwe abarizwa mu gihugu ca kenya muri kino gihe,akaba yaronse ahantu agiye kuza arateramisha abakunzi b’umuziki,abaririmbira nabo basoma akayoga bongera bamwumviriza
ashley
Nkuko rero uyo muririmvyikazi Ashley Diva yashoboye kuganira n’ikinyamakuru ubmnews yavuze ko yaronse ahantu azoza arakorera karaoke ku minsi yose ya kabiri kandi ko n’agafaranga azoronka kameze neza kandi ko yizeye ko azoshobora kuza arashimisha abantu bose bazoza baramwitaba baza kuraba ingene aririmba,
Ashley Diva akaba abandanya yironkera ahantu ataremisha abantu maze akahakura agakate k’umwana

Nyuma yo kutubwira ko yaronse ahantu azoza arakora karaoke ku minsi yose ya kabiri,twarifuje kumenya ikintu ariko arategura muri ino minsi,Ashley akaba yatubwiye ati:Muri ino minsi ivyo ndiko ndategura ni vyinshi cane kandi vyiza gusa abakunzi banje bitege surpise kandi izobashimisha cane

Tworangiza tubamenyesha ko Ashley yatanguye karaoke uno munsi