N’umunezero k’umugwi BEST LIFE MUSIC kubona uwusanzwe abafata mu mugongo KENT-P yaragarutse mu Burundi.

0

N’umunezero ku misore ihurikiye mu mugwi BEST LIFE MUSIC kubona uwusanzwe abafata mu mugongo ariwe KENT-P yaragarutse mu Burundi mu gihe yaramaze iminsi abarizwa mu gihugu kibanyi c’urwanda aho yarasanzwe akorera akazi kiwe k’ubuhinyanyuzi.

best life
G-Kiboko ahurikiye mu mugwi Best life Music akaba yaratanze ikiganiro ku kinyamakuru canyu ubmnews.com aho yavuze ko baryohewe cane kubona kent-p asubiye kugaruka kandi mu Burundi kuko ngo hari ibikorwa vyinshi cane bagiye gukora harimwo gukora amasanamu y’indirimbo yabo BETTER THAN.

g
Twobamenyesha ko Kent-p ari umwe mu bahinyanyuzi bemewe cane mu gukora amasanamu ngaha mu Burundi.