UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ntivyumvikana ingene amazi abura mu gisagara dufise ikiyaga Tanganyika-Faustin Ndikumana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem ryishinze gukangurira abarundi bashike kw’iterambere rirama avuga ko bidatahuritse ingene igisagara ca Bujumbura kibura amazi kandi dufise ikiyaga Tanganyika kitwegereye.ibi abivuze inyuma yaho uko umwaka utashe igenekerezo rya 22 ntwarante isi yose ihimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe amazi.


Faustin Ndikumana agira ati:«ntaco kiriko kiratumarira mbere tubura amazi yo kunywa ikiyaga ca Bujumbura kiri ngaha impande yacu ugasanga ayo mazi dufise yose ntikibuza ko indwara ziva kw’isuku rike nka za cholera,indwara zo gucibwamwo mu bana,nubu uriko urumviriza urumva ko mu ntara zitari nke mu gihugu hagati hamwe n’igisagara ca Bujumbura ibibazo vy’amazi biguma bigaruka mu bitaro,mu mabohero ahantu hakoranira abantu benshi ugasanga hariho ibibazo vy’amazi kandi zishobora kuba nyishi cane.ikindi gitangaje womenga mazi agira abe ikintu kitubangamira mu gihe umwuzure w’ikiyaga Tanganyika uriko uratera mazu amantu bimuka hamwe n’ikivuko ca Bujumbura camaze kwimuka hamwe n’amazi menshi yibonekeza mu karitiye iyo imvura iguye,ruguru naho ugasanga imvura iratwara uburyohe bw’isi.rero Leta ikwiye kwiga neza ibijanye na politike y’amazi.»

Mu Burundi ugereranije n’ibindi bihugu vyo mukarere n’igihugu kirangwamwo amazi menshi y’inzuzi n’ibiyaga ariko usanga abantu bagikenye amazi meza ahandi naho ugasanga iyo hateye uruzuba za nzuzi n’ibiyaga ntaco biheza ngo bifashe abenegihugu mu gufasha ibiterwa vyabo.uko birikose Leta ikwiye gukurikirana igisata c’amazi bakakivyaza umusaruro.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments