UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Indongozi zihamagarirwa kwirinda akarenganyo no kurya ibiturire -Martin Niteretse

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji Martin Niteretse muvyo ajejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu atera akamo indongozi kwirinda akarenganyo bagutunganiriza abenegihugu bose babitura atakarenganyo,kubwiwe ngo abenegihugu baguma bidoga ko barenganywa.ibi yabivugiye mu Rumonge mu nama yagirishije abarongoye abandi mu bisata bitandukanye hari kuri uyu wa kabiri w’iyi ndwi.


Martin Niteretse yagize ati:«indongozi ziruzuzanya ntizisambura,mugerageze mwuzuzanye ikindi ku musi ku musi mumenye ubuzma bw’abenegihugu mujejwe uko bumeze,mwirinde akajagari aho muri hose ikindi gikomeye muhagarike akarenganyo kuko abenegihugu baguma bidoga ko barenganywa umwe wese aho atumbereye yirinde ko haba akarenganyo ivyo ni mwabikora muzoba mukoze neza ivyo musabwa.Abenegihugu mubumvirize,muharanire na ntaryo ineza y’umwenegihugu ntihagire umuntu avuga ngo ndafise ubwoba bw’ejo wewe kora ivyo usabwa ibindi ubireke bazobimenya igihugu ntikiryamye.»

Naho Martin Niteretse ahamagarira indongozi kwitwararika ineza y’abenegihu aha umuntu yokwibaza ibiheruka gushikira umushingamateka Agathon Rwasa yahora arongoye umugambwe CNL aho yakuwe kuburongozi bw’umugambwe bidakurikije amategeko n’abatabifitiye uburenganzira kandi bashigikiwe n’umushikiranganji ntihagire na kimwe avuga.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments