UBM News ads UBM News ads
Monday, July 22, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Rwasa Agathon arasabwa gusubiza ibikoresho vy’umugambwe CNL ku neza

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’umugambwe CNL Nestor Girukwishaka arasaba uwahoze arongoye umugambwe CNL Agathon Rwasa gusubiza ibikoresho vy’umugambwe vyazimiye ku neza ahandi ho ashobora gukurikiranwa n’ubutungane.Ibi yabishikirije ejo ku wa gatanu mu gihe bariko barinjira ingoro nkuru y’umugambwe CNL iri ku Mutanga nord babifashijemwo n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura.


Nestor Girukwishaka yagize ati:«Twarandikiye uwahora arongoye umugambwe CNL Agathon Rwasa ko yoza gushikiriza iyi ngoro ku mugaragaro ariko aranka kutwishura.twahavuye twitura ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura kugira badutunganirize.rero uyu musi umukuru w’igisagara ca Bujumbura yaduhaye abaza kwinjira iyi Ngoro kumugaragaro.Twaje rero kugira dutanguze icese ibikorwa vyari vyari vyarazingamitswe n’uburongozi bwahahora,tubitanguze kumugaragaro.»

Uwo arongoye umugambwe CNL amenyesha ko basanze inyubakwa yarabaye umusaka n’ibikoresho bitari bike vy’umugambwe vyarazimiye.agira ati:«twasanze ibikoresho twari twiteze ko biriho atabiriho;intebe,ama machine nyabwonko,imiduga hamwe n’ibikoresho vy’umuziki,ivyo vyose nta na kimwe twabonye tukaba twasanze inzu ari umusaka.rero tugiye kwihutira kubaza uwahora arongoye umugambwe ibikoresho iyo vyaroye hamwe no kugira urutonde rw’inyankamugayo zose zipfungiwe ivya politike.»

Nestor Girukwishaka rero akaba yatowe n’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe CNL ryatumweko n’akarwi k’abashingamateka 10 katemera uburongozi bwa Rwasa Agathon nk’umukuru w’umugambwe CNL hari igenekerezo rya 10 ntwarante uyu mwaka.nubwo biri uko rero Rwasa Agathon avuga ko ariwe akirongoye umugambwe CNL.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments