UBM News ads

Ntamatati ahari hagati y’igihugu c’Uburundi n’Ubuganda

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo bimenyeshwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji wo kwinjira kw’Uburundi mu bihugu vyo mu buseruko bwa Afrika mukiganiro abavugizi b’inzego z’igihugu. Ku kibazo c’igituma aba scouts b’abaganda basubijwe inyuma bari baje mu Burundi mu kwezi kwa kigarama 2018, umuvugizi w’ubushikiranganji wo kwinjira mu karere k’ubuseruko bwa Afrika yamenyesheje ko abo bascouts babaganda batari bakwije vyangombwa bisabwa mu Burundi.

Ku kibazo naho catumye igihugu c’Ubuganda gisubiza inyuma abarundi batari bake kumupaka waco, umuvugizi w’ubushikiranganji wo kwinjira mu karere ka Afrika y’ubuseruko yamenyesheje ko ababikoze babikoze ku gatwe kabo atari Let aya Ouganda yabibatumye kandi ko ubu ico kibazo caheze ubu uruja n’uruza ruhari.

Kubw’umuvugizi w’umushikiranganji w’umutekano no gukinga ibiza, Pierre Nkurikiye, amenyesha ko abo bascouts bankiwe kwinjira mu Burundi basanza harimwo abafise ibigwanisho bicira umuriro arinaco catumye babasubiza iwabo mu Buganda. Kubw’umuvugizi wa président Nkurunziza, Claude Karerwa, wewe avuga ko imigenderanire ari myiza hagati y’Uburundi n’igihugu c’Ubuganda n’ibindi bihugu vyo mu karere kiretse igihugu kimwe atashatse kuvuga.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments