Prezida Evariste Ndayishimiye arahakana ko atangabo z’uburundi zatashe mu Burundi zitsinzwe urugamba muri sud-kivu,ahubwo yemeza ko ingabo z’uburundi ibihumbi cumi(10.000)zikomeje rugamba muga kongo hamwe yovuga ko itakibakeneye bazoca bataha bose nkuko SADC yatashe!

Mu kiganiro cihariye kumboneshakure France 24 kw’igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2025,prezida Evariste Ndayishimiye yaragarutse kubibazo vyo mukarere;uburundi,urwanda na kongo
‘ – ?
Prezida Ndayishimiye yemeza ko ingabo z’uburundi igitigiri kitahindutse;izishika ibihumbi 10 ziri kubutaka bwa kongo cane cane muri kivu y’ubumanuko.
Ndayishimiye ahakana kandi ko atangabo z’igihugu c’uburundi zoba zaratashe mu burundi zitsinzwe urugamba ahubwo yemeza ko bakomeje urugamba ariko mu gihe kongo yovuga ko itakibakeneye boca bataha bose nkuko biherutse gushikira ingabo za SADC.
Aha umukuru w’igihugu yemeza ko kuba ingabo z’uburundi ziri muri kongo ari kubera hari amasezerano yo gufashanya muvya gisirikare hagati ya kongo n’uburundi.
‘ ‘ ?
prezida Ndayishimiye yasubiye kwagiriza Paul kagame ko ariko ategura ibikorwa vy’iterabwoba mu Burundi akoresheje urwaruka rwa Red Tabara nkuko vyagenze muri kongo,urwanda rwitwaza M23 kandi ari urwanda.no Mu burundi bashaka kwitwaza Red tabara kandi ari urwanda ruri inyuma.
Ndayishimiye yagiriza paul Kagame ko yase gutanga abashatse gutembagaza ubutegetsi bwa petero Nkurunziza muri 2015 ubu benshi bari muri Red-Tabara!
Prezida Ndayishimiye akomeje kwagiriza urwanda mu bikorwa vyo guhungabanya umutekano w’uburundi.mu gihe urwanda narwa rwakomeje kwagiriza uburudi gukorana n’umuhari FDLR wakoze ihonyabwoko 1994.





Recent Comments