UBM News ads

CNIDH iraturuhije kuva 2015 hari ibibazo bikomeye cane-Daniel Ndabirabe

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’inama nshingamateka Gelase Ndabirabe avuga ko abagize umurwi CNIDH,n’umukuru wayo SIXT VIGNY Nimuraba bari baruhije inama nshingamateka kuva 2015,kubwa Gelase Ndabirabe presidance n’iperereza ntako batagize ngo bahanure ariko barananirwa ubu rero aho bigeze bagiye gukomborwa bose haze bashasha!

Ubunyonyezi bukabije,gukumirana,kutamenya gukora akazi bajejwe,urwanko kugeza aho bankira umukozi wa CNIDH kuja hanze kwivuza kandi aremvye cane nivyo bitumye CNIDH ikomborwa nkuko Gelase abivuga.

kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2025 mu nama nshingamateka,Gelase Ndabirabe yamenyeshe ko aho inama nshingamateka iruhijwe cane na CNIDH kubwo ibibazo bikomeye birangwa muri CNIDH.

Gelase Ndabirabe avuga CNIDH iba yarakombowe guhera muri 2015 ariko bakomeza guhanura kumbure kugira barabe ko bikebuka ariko bibandanya kwanka.

Atanga akarorero aho bamwe mu bagize iperereza mbere n’abo muri prezidance bagerageje kenshi guhanura abagize CNIDH ariko biranka ko bikebuka.

nkuko vyabandanijwe bishikirizwa n’uwo arongoye inama nshingamateka,muri CNIDH harangwa,ubunyonyezi ukutumvikana,gukumirana,urwanko,kutamenya akazi bajejwe kugeza aho bankira n’umukozi wabo kwivuza kandi yari aremvye!

Kuwa 11 ndamukiza 2025 Gelase Ndabirabe , CNIDH. Ku wagatanu uheze (11.4.2025), umukuru w’Inama Nshingamateka, Gélase Daniel Ndabirabe yasohoye itangazo rihamagara abipfuza kuja muri uyo murwi ko botwara amadosiye mu Nama Nshingamateka bitarenze igenekerezo rya 17.4.2025, isaha icumi n’imwe z’umuhingamo.

Gélase Ndabirabe avuga ko yafashe iyo ngingo inyuma y’amatohoza yariko arakora ku manyanga avugwa muri CNIDH. Hano tubibutse ko hari abakomiseri batatu ba CNIDH bandikiye umukuru w’Inama Nshingamateka bamumenyesha ubunyonyezi bavuga ko bukorwa na Sixte Vigny Nimuraba atwara uwo murwi. Abo bakomiseri bagiriza Vigny Nimuraba ko yoba yanyonyeje amafaranga ashika umuliyaridi n’ibihumbi amajana abiri (1.200.000.000Fbu). Bamwagiriza kandi ko yonona amafaranga ya CNIDH mu kuyashira mu bitagira akamaro, aho bavuga ko ategura kugura intebe (salon) y’imiliyoni 150 z’amarundi (150.000.000 Fbu), agashira igice kinini c’amafaranga ya CNIDH mu ngendo ziwe mu mahanga.

Ibi vyose biri muvyatumye uwahora arongoye umurwi w’igihugu ujejwe agateka kazina muntu SIXT VIGNY NIMURABA aherutse gutanga imihoho,akaba yabikoze kugira ntafatwe ngo ashirwe imbere y’ubutungane nkuko vyaraye bishikirijwe n’umukuru w’inama Nshingamateka Daniel Gelase Ndabirabe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments