Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu,umutekano n’iterambere rusangi yaraye atangaje ko ata munyeshure arekuriwe kurenga imbibe z’igihugu muri kino gihe c’uburuhuko ko bose bategerezwa kuja mu nyigisho zo gukunda igihugu.ibi yabishikirije kuri uwu wa kane igenekerezo rya 27 ruheshi 2024 mu ntara ya Gitega.

Ku musi w’ejo igenekerezo rya 27 ruheshi 2024 ku murwa mukuru w’intara ya Gitega haratunganijwe inama igizwe n’abashikiranganji 3 ari bo;Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu,iterambere rusangi n’umutekano,Umushikiranganji w’indero hamwe n’uwujejwe uburimyi n’ubworozi.iyo nama ikaba yitabiriwe n’abayobozi b’indero no mu makomine bo mu ntara ya Gitega hamwe n’abagize inzego z’umutekano.
Intumbero yatumye haba iyo nama kwari ukwiga uko bokwirikirana indero n’inyifato y’urwaruka muri kino gihe bari mu buruhuko.Muri iyo nama umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse yasavye aba polisi gucungera neza imbibe z’igihugu kugira ntihagire abanyeshure bogerageza gusohoka igihugu ngo bagiye guca amafranga hanze y’igihugu muri bino bihe vy’uburuhuko.
Martin Niteretse yasavye kandi abarongoye intara mu vyo indero gushirahoikirangamisi c’uko ibikorwa vyo kwigisha abanyeshure ivyo gukunda igihugu bigeye gutunganywa vuba.Nayo abarongoye abandi muvyo indimo basabwa gutegura igikorwa kizomara imisi 100 co guca imikobeko kizokorwa n’abo banyeshure mu ntumbero yo gukingira isi ndimwa.
Iyo ngingo naho ifashwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu igiye kubangamira urwaruka ndetse n’abavyeyi kuko abanyeshure iyo hageze uburuhuko bahoro baja guca amafranga mu bihugu bibanyi nka Tanzaniya,Uganda na Kongo kugira basahirize abavyeyi babo mu kwigurira ibikoresho vy’ishure maze abavyeyi nabo bakahatorera akoyokwe.





Recent Comments