UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abasoda bashika 20 barapfuye mw’isanganya ry’ibarabara

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abasoda b’abarundi batari musi ya 23 baraguye mw’isanganya ry’ibarabara,abashika 30 nabo barakomereka.ibi vyabereye mu gace ka Manyama muri komine Mabayi intara ya Cibitoke mw’ijoro ryo kuwa mungu.


Mw’ijoro ry’uwa mungu igenekererezo rya 23 ruheshi 2024,mu ntara ya Cibitoke muri KOmine Mabayi mu gace ka Manyama,harabaye isanganya rikomeye aho abasoda b’abarundi bashika 20 bakahasiga ubuzima nayo abashika 30 barakomereka cane.abakomeretse bakaba baciye bajanwa mugisagara ca Bujumbura ari naho hari ibitaro vy’abasirikare.

Nkuko vyandikwa n’ikimenyeshamakuru SOS medias,Iryo sanganganya ryabereye kw’ibarabara inomero 10 mu gace ka Manyama muri zone Buhoro,komine Mabayi intara ya Cibitoke.nkuko vyiganwa n’ababibonye,iyo modoka yari mu murongo muremure w’imodoka 10 z’igisoda ica iratembagara mw’ikorosi riteyeubwoba hari nk’isaha 5 z’ijoro.

Nkuko abasoda baganiriye na SOS médias batashimye kwivuga amazina bagize bati:«Abasoda 8 baciye bapfa ubwo nyene nayo abashika 38 nabo barakomereka,iyo modoka ikaba yari yuzuye abasoda.»
Ayo makuru nyene abandanya avuga ko iyo modoka yaruhukiye mu manga itembagara imetero zirenga 100.nkuko bishikirizwa n’umusoda yarokotse muri iryo sanganya yagize ati:«Imodoka ntiyafata ifire neza.kubera hari umumanuko muremure urimwo amakorosi menshi cane hatabona neza,umushoferi imodoka yaramwankiye.»

Ayandi makuru y’intwazangabo yaganiriye na SOS Medias avuga ko abasize ubuzima bashobora kuba benshi bisunze amakuru bakuye mu bitaro vya Cibitoke.yavuze ko hari abandi basirikare 15 baciye bacikana mu bari bakomeretse.

Inyamiramabi zakoze amatohoza yerekana ko iryo sanganya ryatewe n’uko iyo modoka yataye ibarabara kubera kubera ko umushoferi Atari asanzwe amenyereye ako karere.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments