UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abasirikare b’abarundi bari muri Kongo bafashwe neza cane-Alain Tribert Mutabazi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji wo kwivuna abansi Alain Tribert Mutabazi avuga ko abasirikare b’abarundi bari muri Congo kugarukana amahoro n’umutekano bafashwe neza mbere barashoboye gutuza imirwi yose yahora iza guhungabanya umutekano mu Burundi ivuye muri Kongo,agatera akamo abagisigaye kwishikana ku gisirikare c’uburundi.Ibi yabitangaje ejo mu kiganiro n’abamenyeshamakuru cabereye mu ntara ya Makamba kuri uyu wa gatanu.


Ku musi w’ejo igenekerezo rya 28 ruheshi 2024,Abashikiranganji ba Leta y’uburundi baratunganije ikiganiro ku banyagihugu n’abamenyeshamakuru mu ntara ya Makamba aho bashoboye kwishura ku bibazo vy’abenegihugu n’abamenyeshamakuru.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi Alain Tribert Mutabazi yarabajijwe ikibazo kijanye n’abasirikare bari muri Kongo uko bafashwe narirya hariho bamwe batarahabwa ubushirukabute bwabo.kuri ico kibazo umushikiranganji yamenyeshe ko abasirikare b’abarundi bari muri Kongo kugarukana amahoro n’umutekano bafashwe neza cane kandi ko ubushirukabute bwabo baburonkejwe.

Alain Tribert Mutabazi yagize ati:«Agashirukabute kagenewe abasirikare b’uburundi bari muri Kongo barakaronse ntakandi kahari.ikindi nuko abasirikare b’abarundi bafashwe neza cane mbere murabona ko muri ino misi bagenda bafise morare nyishi cane.bakoze ibikorwa bikomeye aho bashoboye gutuza imirwi yose yahora iza mu Burundi guhungabanya umutekano ivuye muri Kongo.Dutera akamo n’abagisigaye kwishikana ku gisirikare c’uburundi.»

Naho umushikiranganji avuga ko abasirikare b’abarundi bari muri Kongo bafashwe neza,hari abasirikare b’abarundi baherutse kugaragara basaba Leta y’uburundi ko yoza kubakura mu menyo y’umuhari M23 kuko bafashwe bugwati n’uwo muhari.Leta y’uburundi yarabihakanye mu kuvuga ko abo basirikare ari abarwanyi b’umuhari Red Tabara.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments